Wikipedia
rnwiki
https://rn.wikipedia.org/wiki/Urupapuro_nyamukuru
MediaWiki 1.46.0-wmf.26
first-letter
Media
Vyisangije
Ikiyago
Uwukoresha
Ikiyago c'uwukoresha
Wikipedia
Ikiyago kuri Wikipedia
Dosiye
Ikiyago kw'idosiye
MediaWiki
Ikiyago kuri MediaWiki
Ingero
Ikiyago cerekeye ingero
Ubufasha
Ikiyago k'ubufasha
Umuce
Ikiyago cerekeye umuce
TimedText
TimedText talk
Module
Module talk
Event
Event talk
Ikirundi
0
2383
26962
25140
2026-05-05T21:47:15Z
Kxeon
10740

26962
wikitext
text/x-wiki
[[File:Batwa_women_in_Burundi.jpg|thumb|Abagore b’Abatwa mu Burundi]]
[[File:Flag_of_Burundi.svg|thumb|Ibendera ry’Uburundi]]
'''Ikirundi''' ni '''''[[ururimi]]''''' ruvugwa n'abantu barenga imiriyoni icumi. Hamwe n'[[igifaransa]], [[ikirundi]] ni ururimi rwemewe n'amategeko kandi rukoreshwa mu gihugu c'[[Uburundi]]. Ururimi rw'ikirundi turusanga ruvugwa mumpande zose z'igihugu c'uburundi. Ikirundi gishaka gusa n’[[ikinyarwanda]] (mumvugo no munyandiko), ururimi rw’Abanyarwanda, kigashaka gusa kandi n’[[igiha]] be n'igihangaza, indimi zivugwa muri [[Tanzaniya]] cane cane kumbibe ivyo bihugu bihana. Ikirundi nirwo rurimi kama ruvugwa mu Burundi, rukavugwa mumpande zose z'igihugu c'Uburundi (mumitumba hamwe no mubisagara).
Ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi zo muri [[afrika]] [[:fr:Langues_bantoues|bantu]]. Rwubatswe n'amajambo kama be n'amajambo yatiwe muzindi ndimi zibanyi nk'igiswahiri be no mu ndimi z'abakoroni (igifaransa n'ikidagi) rukagengwa n'amategeko y'indimburo. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'[[ikiratini]]. Cokimwe n'izindi ndimi, kumenya kuvuga ikirundi, kucandika, kugitahura be n'indimburo vy'ikirundi bisaba kuvyiga.
[[File:FLII_Burundi.png|thumb|FLII Uburundi]]
==Inyandiko y’Ikirundi: Ingorane nkurunkuru ==
Inama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi muri Kaminuza y’[[Uburundi]] hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.).
Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ngizi ingingo zapfunditswe n’iyo nama nkarishabwenge:

AMAJWI AVUGA

a, e, i, o, u.

AMAJWI Y’INDAGI

b, c, d, f, pf, g, h, j, k, m, n, ny, , ng, p, r, s, sh, t, ts, v, w, y, z.

INGORANE ZIFATIYE KU KWITIRANYA AMAJWI Y’INDAGI

{| style="width:100%; background:transparent"
| align="left" |
{| class="wikitable"
!INGORANE!!UTURORERO!!IRYAPFUNDITSWE!!INSIGURO CANKE IMVO

| 1. l/r || A. umuliro/umuriro
lero/rero || A. umuriro
rero || Mu kirundi iryo jwi ryegereye r gusumba l

| || B. Polo/Poro
Repubulika/Repuburika
Amadolari/Amadorari || B. Poro
Repuburika
Amadorari || B. Amajambo matirano afatwa nk’ay’ikirundi, kuko aheza akigana inyubako n’imvugo y’ururimi rutira. Ni hamwe n’uburyo amajwi aheza agakurikirana.

Uturorero:

Umukirisu: ntibavuga umukristu.

Ikawa yitwa robisita: ntibavuga robista.

Intara ya Afirika: ntibavuga Afrika.

| 2. s/sh ||

urusato/urushato
amasaka/amashaka
isaka/ishaka
igisaka/igishaka

igishakashaka/igisakasaka

urusato
amasaka/amashaka
isaka/ashaka
igisaka

igishakashaka

|| Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi.

| 3. s/ns ||

umusi/umunsi
imisi/iminsi

isomerwa/insomerwa

umusi
imisi

isomerwa

|| Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi

| 4. f/pf ||

umupfakazi/umufakazi
gupfupfahaza/gufufahaza
umupfumu/umufumu
kwipfuza/kwipfuza

umupfa/umufa
ipfu/ifu
gupfutera/gufutera

umupfakazi
gupfupfahaza
umupfumu
kwipfuza

umufa
ifu
gufutera

|| Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi.
Kumenyesha urwaruka ikirudi c’itsitso.

| 5. rw/gw ||

kurwara/kugwara
indwara/ingwara
kurwana/kugwana
indwano/ingwano
urwarwa/ugwagwa
urwiri/ugwiri

kurwa/kugwa
kurwabira/kugwabira
umurwi/umugwi

kurwana
indwara
kurwana
indwano
urwarwa
urwiri

kugwa
kugwabira
umugwi

|| Kwandika ukurikije imvugo y’Abarundi benshi

| 6. bw/bg || kubwira/kubgira
imbwa/imbga || kubwira
imbwa || Mu vy’ukuri si bw kandi si bg. Ariko abanditsi benshi bamenyereye bw.

| 7. rty/ty || irtyazo/ityazo
gurtyo/gutyo
ndtya/ntya || ityazo
gutyo
ntya || Mu mvugo bamwe bakoresha rty, ndty, abandi ty, nty. Ariko ibigereranye ni ty, nty.

| 8. k/kw ||

kwurira/kurira
kwongera/kongera
kwubaka/kubaka

noheza nkurira/noheza nkwurira
nkongera/nkwongera
nkubaka/nkwubaka
nkicara/nkwicara

nka kurya kw’urubeya/k’urubeya

akana k’ubwenge/kw’ubwenge

kwurira
kwongera
kwubaka

nkurira
nkongera
nkubaka
nkicara

kw’urubeya

akana k’ubwenge

Itsitso ni -urir-, onger-, ubak-. ku- na yo ni inyitangizo y’umuvugire wa kigenze. Ijwi u ryo kuri ku- ricika incamwanya w kuko rikurikiwe n’irindi jwi rivuga mw’ijambo rimwe.

Ibihimba ni:
/n-ka-urir-a/
/n-ka-onger-a/
/n-ka-ubak-a/
/n-ka-icar-a/
Mw’ijambo ijwi a rikurikiwe n’ayandi avuga atangura itsitso bararisimba:
/n-k(a)-urir-a/
/n-k(a)-onger-a/
/n-k(a)-ubak-a/
/n-k(a)-icar-a/
Muramenye: amajwi a na i arakunda kurondana akavyara e. Uturorero:
amenyo =  /a-ma-inyo/
benshi = /ba-inshi/ .

kwa = /ku-a/ kwa ni indongorazina, mugabo mu majambo abiri amajwi avuga akurikiranye, irya mbere bararisimba.

ka = insanisha.

| 9. ny/nny || yaganye inzoga/
yagannye inzoga
twarakanye ingoma/
twarakannye ingoma
umuryango warahonye/
umuryango warahonnye || yaganye

twarakanye

warahonye || Urwaruka rusigaye ruvuga ny.

| 10. k/g ||

ikiti/igiti
ikikere/igikere
nya gikoko kica
kipfira hano/
nya gikoko gica
gipfira hano.

igikere na co kiti/
igikere na co giti

igitabu kitubwira/
gitubwira

igiti
igikere
nya gikoko gica
gipfira hano.

kiti

kitubwira

Amajwi agumye
y'inyitangizo
arahinduka akoroha
iyo itsitso
ry'ijambo
ritangurwa
n'irigumye

Kwandika ukurikije
imvugo y'Abarundi

kitubwira =
/ki-tu-bwir-a/
ki-  = iny.
-tu-  = ind.
-bwir-  = its.
-a  = agas.
Inyitangizo
n'itsitso
ntibikurikirana.

| 11. n/ny || iryungane/iryunganye || iryungane || ni ryo rimenyerewe

| 12. n/nm || nmaze/maze
yanmenye/yamenye || maze
yamenye || Ni yo nyandiko ibangukiye abantu batari abahinga.

INGORANE ZIFATIYE K’UGUTANDUKANYA AMAJAMBO MU RYUNGANE

{| style="width:100%; background:transparent"
| align="left" |
{| class="wikitable"
!UTURORERO TW'INGORANE !!IRYAPFUNDITSWE!!INSIGURO CANKE IMVO

| 1. Ivyo ari vyo vyose/
Ivy'ari vyo vyose || Ivyo ari vyo vyose || Mu ryungane amajambo yose arandikwa.
Muramenye: iyo ako kajambo '' ivyo '' ari ins. nsanisha, ijwi '' o '' risubirirwa n'agakwabu ko hejuru imbere y'ijwi rivuga.

Uturorero:
'' Ivy '' 'aha vyama mu nzira.
'' Ivy '' 'abakuru birubahwa.

No ku zindi nsigarirazina nsanisha ni hamwe:
'' Ak '' 'imuhana kaza imvura ihise.
'' Iz '' 'umutware ziratashe.
'' Ab '' 'ino ni ko bameze.

| 2. Yohani yari iguye/
Yohani yari aguye || Yohani yari aguye || Umugwi wa mbere w'amazina ufise inyitangizo rukozi a-. Abavuga  yari iguye  barahuba kuko basimba ijwi rya kabiri aho gusimba irya mbere.

| 3.

Yohani na Petero bajanye/vyajanye

Yohani na ya nyabu bajanye/vyajanye

Yohani na ya ntebe baguye/vyaguye

bajanye

vyajanye

vyajanye

|| Inyitangizo rukozi y’umugwi wa kabiri w’amazina ni  ba-, igihe ata gikoko canke ikintu kirimwo. Muri ico gihe ica iba  bi-.

| 4.

Amazina y'urunani y'urusangi

Amazina y'ubucuti

Izina ry'urunani rigizwe n'amazina abiri

Amazina abiri afatanijwe n'insanisha

Amazina agizwe n'amavuga abiri

Amazina y'urunani agizwe n'ayandi majambo adasangiye ubwoko

Amazina yunzwe n'agace  nya  canke  ene

Amazina y'urunani y'uruharo

Amazina arimwo insanisha

Amazina atarimwo insanisha

Izina riherekejwe n'utundi tujambo turirangura

serugo, inarugo, sokuru, nyokuru, marume, sowanyu, mwenewanyu, datawacu, karumunake, ...

inka – muntu
umwana - mugabo

inka y'irembo
inkono y'itabi

somambike
igisoromandandura

ikibonamaso
amayirabiri

umunyabwoba
Umwenengwe
akenese

Maguru ya nyarwari
Rukundo rwa Ntare

Rutegeramisi
Kibikizozejo
Ndayamutaye

Rufuku rwafukuye
Uburundi

Kivumu kitari
ikivumuvumu

Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe

ayo mazina atandukanywa n'agakwego

Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu

Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe

Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe

Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe

Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu

Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe

Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe.

| 5.

'' nyene ''

Nyene + izina

Nyene + irivuga
nyene + ins.

'' nyene ''

mwene + izina ry'urusangi

mwene + izina ry'uruharo

nyenigihugu
nyeningoma
nyenurugo
nyeninzu
nyenicubahiro

nyene kurima
nyene vyo
nyene ho

mwene senge
mwene nyinabo

mwene Nteturuye

Vyandikwa mw'ijambo rimwe.

Vyandikwa mu majambo abiri.

Vyandikwa mu majambo abiri.

| 6. amazi yo gukaraba/
Amazi y'ugukaraba

Umwete wo kwiga/
Umwete w'ukwiga || Vyose birashoboka.
Mw'isomerwa umunyeshure
azokwandika ico yumvise. || Abarundi babivuga vyose.

| 7.

Mu kubikora/
mukubikora

Mu kunebwa/
mukunebwa

Yuriye ku nzu/
kunzu

Yinjiye mu nzu/
munzu

Ku shami/kw'ishami
ku nzu/kw'inzu

mu kubikora

mu kunebwa

Yuriye
ku nzu

Yinjiye
mu nzu

kw'ishami
ku nzu

'' ku '' na '' mu '' ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.

| 8. mu ko/muko
ndabikora ubanza
kumpera || mu ko || Iyi sahwanya igizwe na zibiri '' mu '' + '' ko '' .
Ni hamwe na:
'' mu kubikora '' ,
'' ko ndabikora '' .

| 9.

I muhira/imuhira
I ruhande/iruhande
I mbere/imbere
Inyuma/inyuma

I Bujumbura/Ibujumbura

Ha ruguru/haruguru
Ha mbavu/hambavu
Ha mbere/hambere
Ha nyuma/hanyuma

Iwanje/iwa nje
Ukwiwe/Ukw'iwe

ha + irivuga ||

I muhira
Iruhande
Imbere
Inyuma

I Bujumbura

haruguru
hambavu
hambere
hanyuma

iwanje
ukwiwe

ha gupfa
wozanzama

ha kurya wonywa || Indongorazina '' i '' , na '' ha ''
zirongoye izina, vyandikwa
mw'ijambo rimwe, kiretse
iyo zirongoye izina
ry'uruharo, no mw'ijambo
'' i muhira '' . Muri iryo jambo
hari aho batanavuga iyo
ndongorazina. Ahandi hose
izo ndongorazina zihindura
amazina mu ntumbuzi

D. Indongorazina iri muri satunga birafatana.

E. '' ha '' = hako.
Ni sahwanya.

| 10.

Aho haragutse
nayo/na yo hano haraga

Naho/na ho
niwagaruka

Nako/na ko
umengo araje

Noneho/none ho
araje||

nayo

naho

nako

noneho || Ayo majambo yose ni za sahwanya. Uduce '' ho '' , '' ko '', '' yo '', nta co dusigura.

| 11.

N'aho/naho
wogaruka sinoguha

N'iyo/niyo woza
sinokubona ||

n'aho

n'iyo || Ngaha sahwanya zigizwe na zindi zibiri:
'' n'aho '' = '' na '' + '' aho '' ,
'' n'iyo '' = '' na '' + '' iyo '' .

| 12. Uwu mwaka na ho/naho
nyene tuzokwimbura || na ho || '' na '' = sahwanya
'' ho '' = ins. muv. ngufi.

| 13. Imisi y'indwi || ku wa mbere
uwa mbere
uwa nyuma || Akajambo kerekana igiharuro
'' mbere '' kaja ukwako, akerekana
umurongo '' wa '', '' uwa '' gutyo
, indongorazina '' ku '' gutyo nyene.

| 14. Ins. muv. ngufi +
uduce '' ho '' , '' ye '', '' e '', '' he '' . || Jeho, tweho, weho,
yemwe, yewe, ewe,
emwe, hemwe, hewe ||Utwo duce nta bwoko twisangije,
twunga ins. muv.

| 15. Ins. muv. ngufi + '' nyene '' ||

jenyene =
nta we turi kumwe

je nyene =
jewe nyene

bonyene =
nta we bari kumwe

bo nyene =
bobo nyene || Ins. muv. ngufi zirongora agace '' nyene '' birafatana,
kiretse zikoreshejwe mu kibanza c'ins. muvugwa ndende.

| 16.

ngo ego/ngw'ego
ngo uyu muntu/
ngw'uyu muntu aze

kugira ngo aze/
kugira ngw'aze

uko aje/ukw'aje

ko ushitse/
kw'ushitse ||

ngo ego
ngo uyu muntu aze

kugira ngo aze

uko aje

ko ushitse || Ijwi '' o '' rihereza sahwanya zimwezimwe '' ngo, kugira ngo, ko, uko, yuko '' rikurikiwe n'ijwi rivuga ritangura irindi jambo, n'aho ritavugwa rirandikwa.

| 17.

Ni umuntu/n'umuntu
Si umuntu/s'umuntu

Abenshi ni ko bavuga/
Abenshi niko bavuga

Abenshi si ko bavuga/
Abenshi siko bavuga

Ego ni ko/ego niko

Oya si ko/oya siko

Avuga ko/avugako

Bakame rero ni ko/
niko kwibaza ruti

Ni uko/nuko batevye mba ngiye

Nuko/ni uko
mukunzi muhire

Ni uko/nuko rero
Bakame rukagenda

Ego ni uko/nuko
Oya si uko/suko

Ivyo ni vyo/nivyo
mvuga

Ivyo si vyo/sivyo
mvuga

Iyo ni yo/niyo
mvo

Iyo si yo/siyo
mvo ||

Ni umuntu
Si umuntu

Abenshi ni ko
bavuga

Abenshi si ko
bavuga

ego ni ko
oya si ko

avuga ko

ni ko

Ni uko batevye

ni uko mukunzi
muhire

ni uko rero
Bakame rukagenda

Ego ni uko
Oya si uko

Ivyo ni vyo
mvuga

Ivyo si vyo
mvuga

Iyo ni yo mvo

|| Inshozi '' ni '' na '' si '' ni utujambo turi
ukwatwo, kamwe kakaba inyemezi
akandi impakanyi.

Utwo tujambo dutegerezwa kuguma ukwatwo kuko dushobora gusubirira amavuga mu mungane atagira amavuga.

Intumbuzi y'ukwemera '' ko '' ikurikiye irivuga canke inshozi biratandukana.

| 18. Ni mwinjire/
nimwinjire

Nti mwinjire/
ntimwinjire

Si ndabishaka/
sindabishaka || Nimwinjire

ntimwinjire

sindabishaka || Igihe utujambo '' ni '' na '' si '' ari
imenyetso nyemezi canke mpakanyi
z'irivuga, duca dufatana n'iryo rivuga.

| 19. Ng'uyu/nguyu
ng'abariya/ngabariya || Ng'uyu
ng'abariya || Inshozi '' ng '' iguma ukwayo kuko n'aho
yama ifatanye n'ins. rugena, yisangije ubwoko.

| 20. Ata cigeze/atacigeze
Nta cigeze/ntacigeze
Nta wurya/ntawurya
akatamugoye || ata cigeze
nta cigeze
nta wurya
akatamugoye || Utugetugetu tw'uguhakana '' nta '' na '' ata '' tuja
ukwatwo kuko ari amajambo yisangije ubwoko

| 21. Kugira ngo/kugirango || Kugira ngo || Iyo sahwanya igizwe na zindi zibiri:
'' kugira '' na '' ngo '' .

| 22.

Nkûkó/nk'ûkó

Nkǔko/nk'ǔko ||

nk'ûkó

nk'ǔko ||

Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri:
'' nka '' na '' uko '' .

Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya,
irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina.

| 23. Avuze yuko/y'uko
ataza || yuko || Sahwanya ni '' yuko '' kuko '' y '' ntiyoba insanisha.

| 24. Ins. rugena + '' ri '' || Uwo ari
we wese

Ico ari
co cose || Ijwi '' o '' rihereza ins. rugena irongoye irivuga
'' -ri '' rirandikwa.

| 25. Nzoza ejo/
Nzozejo || Nzoza ejo || Irivuga ritegerezwa kwirebanga.

| 26.

Ejo bundi/ejobundi

Hirya y'ejo/hiryayejo ||

ejobundi

hirya y'ejo ||

Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe

Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri
afatanijwe n'insanisha.

| 27. Igitabu
ciwanje/c'iwanje ||

ciwanje =
canje

c'îwânjé = c'i muhira || Bivana n'ico bashaka kuvuga:
'' canje = /ki-a-nje/
ciwanje = /i-a-iwa-nje/
c'îwânjé = /ki-a-i-iwa-nje/ ''

| 28. '' Na '' , '' nka '' + Ins. Muv. ngufi || nanje, nkanje,
na je, nka je,
na bo, nka bo,
na vyo, nka vyo,
na co, nka co || Insigarirazina muvugwa ngufizikurikiye
sahwanya '' na '' na '' nka '' biratandukana, kiretse
kuri '' nanje '' na '' nkanje '' kubera ko iyo '' nje '' itabaho yonyene.

| 29. Irivuga +
+ sahwanya '' ko '' || Sinzi ko nzoza
ejo.

bavuga ko babizi || Iyi sahwanya '' ko '' bayandika ukwayo,
ishobora gusubirira '' yuko ''.

| 30. Na ko/nako
nkako/nka ko || nako
nkako || Vyandikwa mw'ijambo rimwe kuko '' ko '' nta
bwoko kisangije.
'' Nako umengo araje.
Kukaba nkako ''

| 31.

Irivuga + intumbuzi y'ikibanza
'' ko '' , '' ho '' , '' yo '' , '' mwo '' .

Irivuga + ins. muv. ngufi
'' ko '' , '' ho '' , '' yo '' . ||

shirako,
shirayo,
shiramwo,
shiraho,

hariyo,
hariho,
harimwo,
hariko,

mfisemwo,
mfiseho,
mfiseko,
mfiseyo.

Bihereze Imana
Bihereze '' yo ''.

Shira ka kayabu
kandi urabe yuko
wahaye '' ko '' .

Ubwo badodoye '' ho '' ? ||

Izi ntumbuzi uko ari zine: '' ko, ho, yo, mwo ''
zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo.

Igihe utujambo '' ko, ho, yo, '' ari
ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo.

| 32. Irivuga mperekeze
'' ri '' + '' ko '' || Uriko urarima
twariko turiga || Irivuga '' ri '' iyo ari mperekeze, rirafatana n'agace '' ko '' .

| 33. Amajambo yisubiriza ||canecane
bukebuke
buhorobuhoro || Ayo majambo yandikwa mw'ijambo rimwe.

UTUMENYETSO TWO KURUHUKA

Twagumije utwari tuhasanzwe kuva na kera:
{| style="width:100%; background:transparent"
| align="left" |
{| class="wikitable"
! INOMERO !! IZINA !! INYANDIKO

| 1. || akaburungu || .

| 2. || agakwabu || ,

| 3. || utuburungu tubiri duhagaze || :

| 4. || kaburungu kuri gakwabu || ;

| 5. || twa mugina || « » canke " "

| 6. || kabaza || ?

| 7. || gatangazi || !

| 8. || agakwego || -

| 9. || utuzitizo || ()

| 10. || ngezaho || ...

'''Muramenye''':

Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.

Uturorero: '' inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke ''

Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.

IKORESHWA RY'URUDOME RUKURU

Urudome rukuru rukoreshwa mu gutangura iryungane, inyuma y'akaburungu, ya kabaza na gatangazi no hagati ya twa mugina.

Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.

Ingorane zimwezimwe:

Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
'' Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi. ''

Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
'' Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura. ''
Uturorero: '' Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa. ''

Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
'' Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi. ''

Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
'' Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo. ''

Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
'' Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo. ''
Uturorero: '' Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware. ''

Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
'' Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura. ''

Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
'' Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi. ''

UTWATUZO

Turavye ibitabu vy'ikirundi biri mu mashure yisumbuye, dusanga ibikurubikuru ari ivya Patiri NTAHOKAJA. Mu mashure menshi bakoresha utwatuzo turi muri ivyo bitabu. Na two ni utu:

agakwego hejuru y'amajwi arandira: '' sēsa, shīma, rāmba. ''

akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi: '' ishámi, umutwé. ''

agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka: '' umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi. ''

agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga: '' icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya. ''

utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani: '' böse, twëse. ''

Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.

== Indīmbūro ==
=== Ibihĭmba vy'îmvúgo ===
==== Amajāmbo ahīndúka ====
===== Irivúga =====
Irivúga ni ijāmbo ryērékana kamére, umugămbi cânké igikórwa.
===== Ingéreká =====
Ingéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, máze ayo majāmbo abiri agasāngira inyîtāngizo. Ingéreká ziri ubwôko buné:
1.Ingéreká ndôndōzi irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana akarānga kâryo. akarorero:inkoni ndende.ndende ni ingereka ndondozi

2.Ingéreká kabazá irāngūra izína igerétswekó mu kurirōnderera insígūro itōmôye bícīye mu kubáza. Akarorero: Amavuta maki?.maki ingereka kabaza.
3.Ingéreká ntāntígiri irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana ukó ibīntu bīngána aríko itádomyé urutoke ku gitígiri.Akarorero:Yazanye amavuta menshi.menshi ni ingereka ntantigiri.
4.Ingéreká rutānyá irāngūra izína igerétswekó mu kuvângūra icó iryo zína ryērékana n’íbïndi.

Ra. Ne.:
1.Ingéreká ikuríkiye inshōzi, irivúga, insígarirazína cânké akăndi kajāmbo kadahīndúka, iguma arí ingéreká igihe bibonéka yûkó igerétswe kw’īzína. Akarorero: Uyu mugabo ni munini(munini ni ingereka)
2.Ingéreká irashóbora kuvámwó ingereka-nsígarirazína, ingéreká-zína canké irivúga mvângéreká
===== Insígarirazína-ngéreká n'însígarirazína =====
Insígarirazína-ngéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, aríko ayo majāmbo abiri ntăsāngire inyîntāngizo. Iyó insígarirazína-ngéreká isigáriye izína igerétswekó ica icîka insígarirazína.
1.Insígarirazína muvugwá: ni ijāmbo risigárira uwuvúga, uwubárirwa, cânké ikivúgwa.

a.Izĭrebānga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína, ndēnde cânké ngúfi.

b.Izifátanye n’írivúga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína.

Ra. Ne.: Ntā nsígarirazína-ngéreká muvugwá ibáhó.

2.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rugená: ni ijāmbo rigenékereza izína rigerétswekó.

3.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína nsānîsha: ni ijāmbo ryērékana isâno rirí hagáti y’íbīntu bibiri, icó rigerétswekó hamwé n’íkïndi.

4.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína satūngá: ni ijāmbo ryērékana nyené ibīntu n’îsâno afitániye n’íbīntu vyîwé.

5.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra: ni ijāmbo ryērékana ukó ibīntu bīngána ríbicīshije ku gitígiri cânké ku guhárūra.

6.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra gatōndēsha murōngo: ní ijāmbo ryērékana ikibănza ikīntu giheréreyemwó mu rutŏnde rufatíye ku guhárūra.

7.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína kabazá: ni ijāmbo ryērékana ibīntu ivyó arí vyó, ahó bibarízwa canké ukó bīngána ríbicíshije mu kubáza.

8.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína ntatānyá: mu rudênde, ni ijāmbo ryerékana ikīntu kitagabánije cânké kirí mu murōngo w’íbïndi; mu bwĭnshi, ni ijāmbo rikorániriza mu mugwi umwé ibīntu rirāngûra.

9.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rutānyá: ni ijāmbo rifatira ibīntu bimwé ukwāvyó ibĭndi ukwāvyó.
==== Amajāmbo adahīnduka ====
===== Inshōzi =====
Inshōzi ní ijāmbo rimezé nk’írivúga aríko ridashobóra guhâdikirizwa.
===== Indôngōrazína =====
Indôngōrazína ní ijāmbo ryāmá rírōngōye izína kăndi rikērekana ikibănza.
===== Sahwānyá =====
Sahwānyá ní ijāmbo rihwānyá amajāmbo asāngíye ubwôko cânké ingīngo zibiri mu ryŭngāne. Ziri ubwôko butatu:

1.Sahwānyá isāngânya: ihwānyá amajāmbo cânké ingīngo zisāngíye ubwôko cânké zifitániye isâno ryā kárāngûra.

2.Sahwānyá ihitîshamwó: yērekana yûkó bahitámwó ikīntu kimwé murí bibiri.

3.Sahwānyá y’ámadĭdāne: yērekana yûkó bakēkéreza, atā nyíshu itōmôye bashobóra gutânga.
===== Intūmbūzi =====
Intūmbūzi ní ijāmbo ritūmbûra icîyumvīro c’írivúga, c’îngéreká, c’însígarirazína cânké c’íyïndi ntūmbūzi. Ziri ubwôko indwi:

1. Intūmbūzi y’íkibănza

2.Intūmbūzi y’ígihe

3.Intūmbūzi y’úkugéne

4.Intūmbūzi y’úkūnganya cânké y’încúro

5.Intūmbūzi y’úkubáza

6.Intūmbūzi y’úkwëmera

7.Intūmbūzi y’úguhakana
===== Inkébuzo =====
Inkébuzo ní ijāmbo rikorêshwa mu gukébura uwó mugānira.
===== Gatăngāzi =====
Gatăngāzi ní ijāmbo umūntu avugá kugíra ngo aserúre akamúbakiye ku mutíma, arí ukunêzērwa, ugushīma cânké ukugaya.
===== Gakŭmbānya =====
Gakŭmbānya ní ijāmbo ryīgâna ukó ibīntu bigēndá aríko mū mvúgo ipfunyápfunye kăndi y’ínshushānyo, ukamēngo uravyîbónera cânké uravyîyúmvira.
7ksifnwqlf5epfnvrasqi45ff8igfk4